B-NP Magazine

Hagiye kwandikwa igitabo gishasha cerekana imico n’akaranga vy’abarundi

Hariko haratangwa mu gisagara ca Bujumbura inyigisho nkarishabwenge ku bahinga mu vyerekeye imico n’akaranga vy’uburundi. Bazoca bandika igitabo c’ifatiro gitohojwe neza abarundi n’abanyamahanga bazosomamwo ishusho ndangakaranga y’igihugu.

Izo nyigisho zatunganijwe n’ubushikiranganji bujejwe imico kama bufadikanije n’ubw’indero bufashwe mu mugongo n’igisata mpuzamakungu kiraba imico (UNESCO). Steve De Criff umwe mu baserukira UNESCO ku rwego rw’igihugu, yavuze ko uko imyaka itanu irangiye, igihugu cose casize umukono kw’isezerano mpuzamakungu rya UNESCO ryo 2003 ryerekeye ukuzigama iragi ndangakaranga ntakabakabwa (patrimoine culturel immaterial), gitegerezwa kugira icegerekanyo cerekana aho imico yaco igeze. Ni mu ntumbero yo kuraba ko hari iyoba iriko irazimangana kugira bashobore kuyikingira.

Valos Runyagu yaserukiye kaminuza y”uburudi yashikirije ko abahinga b’inzobere bo kurangura ico gikorwa bahari. Ati:” Igisata co kwigisha indimi n’imico kama muri Afrika, nico cagize icegeranyo c’umwaka 2009 c’imigenzo ndangaburundi n’abayitirirwa. Abagikoze baracahari. Ibikorwa vy’ubu ni gusubiramwo iryo tohoza kuko haciye ikiringo kinini kandi isezerano rya UNESCO rivuga ko uko imyaka 5 iheze boza barashira ahabona ibintu bishasha”. Akemeza ko kaminuza y’igihugu yiteguriye gufasha muri ico gikorwa.

Kanene Jean Claude, umwunganizi w’umushikiranganji w’imico kama, arashimangira intumbero y’izo nyigisho. “Inyigisho zigamije kunagura ubumenyi n’ubuhinga kugira dutunganye twongere turyohore igitabo cavuye mw’itohoza ry’imico n’imigenzo ndangaburundi casohotse mu mwaka 2009. Tuzokwongeramwo imico imwe imwe itashoboye kuja ku rutonde dutohoze gusumba twifashishije ubuhinga bwa none bujanye n’iterambere dufise uyu munsi kugira turonke igitabo n’icegeranyo cikwije mu vyanditswe n’amasanamu”.

Akarusho ni kanini

Ku bwa Kanene Jean Claude, igihugu kigize ico cegeranyo kiba gifise amahirwe menshi kubijanye no kwandikisha umuco canke imico ku rutonde nserukiramakungu rw’iragi kama ntakabakabwa ku mugabane w’isi. Canke urutonde rwo gukingira vyihuta iragi ndangakaranga ntakabakabwa rishobora kugenda amazimayongo atagikozwe mu maguru masha.

Atanga akarorero k’itohoza ryo mu 2009 ryashoboje Uburundi kwandikisha umurisho w’ingoma ku rutonde nserukiramakungu rw’iragi kama ntakabakabwa ku mugabane w’isi. Ntakekeranya ko hagiye kwandikishwa n’iyindi mico kama. Asigura ko ari ico gikorwa kizoherekeza isuzumwa ry’ingene imico kama yifashe mu ntara zose z’uburundi. “Twifuzako iri tohoza hokongerwako ibitashoboye gutohozwa mu 2009. Nta nkeka ko tugiye kuronka igitabo cerekana imico n’imigenzo y’abarundi canditswe neza n’abahinga cisunze iterambere, canditswe mu rurimi kavukire, gihinduwe no mu gifaransa nk’uko biri mu mugambi”.

Abagiye kuronka izo nyigisho nibo bazofasha mw’iragurwa ry’uwo mugambi. UNESCO ikaba izotanga uburyo bukenewe.




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat