B-NP Magazine

Guhingura amatungo kama birijukiwe

Amatungo kama arakwiye gushishozwa ku buryo bwimbitse mu kumenya ibishobora kuyavamwo. Ikigazi kiramaze gusesangurwa kitwereka ko kivamwo ibintu vyinshi vy’akamaro. Cabaye umushinge w’uruganda AFOBUCO (Agricultural and Food Business Company), imbere y’uko rukorera mu bindi.

Umugambi wo guhingura itunga kama ry’Uburundi uriko uranyengetera abagwizatunga. AFOBUCO (Agricultural and Food Business Company) rihingura amasabuni n’amavuta rikoresheje ivyamwa vy’ikigazi. Bahinguramwo amavuta yo guteka (Bora na Hamu). Bayatekera mu mabido ya litiro 20 na ntoya za litiro 10. Bakoramwo kandi isabuni zitandukanye. Izo kumesa, gukaraba, kwoza ivyombo, kwikura imigera (disinfectant), etc. Bahingura n’amamesa atagira ibinure (sans cholesterol). Salvator Niyitunga, umuyobozi w’igisata c’ubudandaji aremeza ko ibikoresho nyamukuru bikomoka mu kigazi. Ico na co kikaba kiboneka ku bwinshi mu karere k’Imbo na Kumoso kuva mu kwezi kwa Nyakanga gushika mu kwezi kwa Rusama. Ntiyidogera amezi isarura riba ryaheze kuko mu bubiko baba baritunganije neza.

Mu myaka cumi (10 ans) rimaze, ryaravyaye irindi hinguriro GOLISE (Good Life Services). Iryo na ryo rihingura amazi mu kuyasukura. Ayatunganijwe na ryo yitwa Life (ubuzima). Hambavu y’ivyo, rirakora imivinyu (Navus, Castor na Sapor), Whisky Hakili, urwarwa (Akaryoshe) na Tangawizi (Akanyamuneza). Kiretse imivinyu na Whisky ibikoresho bigurirwa mu bindi bihugu, ibisigaye vyose bikorwa mu butunzi kama bw’uburundi.

Gushora hanze ngo kiracari ikibazo. Niyitunga avuga ko impapuro zitangwa n’ikigo gisuzuma ubuziranenge bw’ivyakorewe mu Burundi BBN (Bureau Burundais de Normalisation ) zitemerwa mu karere. Ngo iyo bazerekanye, barabasuzugura ngo BBN ntifise uburyo buhagije bwo gusuzuma ibidandazwa. Asaba Reta guha vy angombwa ico kigo kugira bisanzure mu gushora mu makungu.

AFOBUCO na GOLISE arimwo abakozi 250. Mu gisata c’intwaro n’ubudandaji abagabo n’abagore bari ku rugero rungana (50%).




Leave a Reply

Your email address will not be published.