B-NP Magazine

ECOFO Gakungwe: Kuva umwaka w’ishure utanguye ntibaronswa imfungurwa

 

 

Guhagarika umugambi wo kugaburira abanyeshure kuri ECOFO Gakungwe iri muri komine Kabezi vyaragize inkurikizi. Abanyeshure ntibagitonda. Ivyo ngo bitumwa n’inzara.

 

Kuva umwaka w’ishure w’2021-2022 utanguye, abanyeshure bo kuri ECOFO Gakungu ntibaronswa imfungurwa. Ivyo vyashitse mu gihe hari haheze imyaka 6 bagaburirwa ku mashure. Nk’uko bimenyeshwa na Renathe Nizigiyimana, umurezi wo kuri iryo shure, ngo vyaragize ingaruka. « Ibisibo vyaciye bigwira. Nko ku kwezi harasiba abagera kuri 15. Abatonze nabo harahusanga baryamye ku ntebe, abandi ugasanga barwaye. Ivyo vyose bituruka ku nzara »

Abanyeshure bavuga ko uwo mugambi wo kubagaburira warubafitiye akamaro kanini. Ihagarikwa ryawo baryakiriye nabi. Stacey Nyishu, ari mu mwaka w’umunani B. Asanzwe arongoye abanyeshure bose bo kuri iryo shure (Doyenne). Avuga ko nk’iyo bishitse akabura ivyo afungura muhira yahora acafungura kw’ishure atangorane. Mugabo ubu ngo abura vyose. Bituma atiga neza kubera ata nguvu abafise.

Mu mwaka w’icenda hoho ngo ni ikibazo. Kubera kwitegurira ikibazo ca reta (concours national), abanyeshure bisaba ko bataha batevye. Ubu ngo ntibigikunda kubera baba bashonje. Isaha umunani zigeze baca bitahira.

Nizigiyimana asaba abajejwe uwo mugambi kuwusubizaho. Ngo vyofasha kuduza umwimbu. Ku bwiwe,abavyeyi ntibagishoboye kugaburira abana ku murango no mw’ijoro. Abenshi ntibishoboye.

Tubibutse ko umugambi wo kugaburira abanyeshure ku mashure amwe amwe washizweho na reta y’uburundi ishigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ibifungurwa(PAM) kuva mu mwaka w’2008.




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat