B-NP Magazine

Dutahuzanye ivyitiranwa vy’ishoka

Hari amazina y’ibikoresho kama vy’Uburundi atera azimangana. Ayandi agakoreshwa atabushishozi turinze kubaza ku ndangurakintu yayo. Inararibonye zaganiriye na BNP-Magazine mu gisagara ca Bujumbura, baratubwira insiguro y’ivyitiranwa vy’ishoka.

Ishoka ni icuma gikoreshwa mu gusatura canke kwicira ibiti. Ayandi mazina yayo ni : indyankwi, imarabiti, imarabwira, ishenyo n’ikibezi. Ayo mazina yose biragoye kumenya iryatanguye iryo ari ryo. Abantu baturuka mu ntara zose z’igihugu barayahurizako kuko akoreshwa yose iwabo. Ariko, amwe muri yo insiguro yayo ikabagora.

Gérard Ntahomvukiye afise imyaka 68. Umukukuruke avuka muri komine n’intara ya Ngozi. Yarashikirije, kubw’iwe, ico izina imarabwira risigura. « imarabwira rivuye mu (kumara+ubwira). Ubwira ni (umwete, ubukerebutsi, inguvu) ». Tujanishije n’igikorwa ca yo, avuga ko iyo umuntu agomba gusatura urukwi canke ngo yicire ibiti, aba afise umwete, ubukerebutsi, inguvu. Atangurana umwete mwinshi. Uwo na wo ugenda uragabanuka uko umwanya uhera. Aratinda agahagarika, akicara akaruhuka kubera uburuhe. Ubwira bukaba buheze.

Na Nkengurutse sipiriyano (imyaka 65) avuka muri komine Kayokwe arashigikira iyo nsiguro yatanzwe na mugenziwe. Abanza gutanga indangurakintu yoha izina ishenyo. « Ishenyo rivuye mu rivuga gusenya, gusenyura ». Ufatiye ku gikorwa ca yo rero, ishenyo barayikoresha mu kwicira igiti. Kiba gitaye ubuzima, bacaka igihararo, kigatembagara, kikaryama hasi. Bahejeje kwicira igiti baragisatura, bakagishwanyagura mu bisate vyinshi. Hakaboneka inkwi zo gucana. Ishoka rero ikora igikorwa co gusenya inkwi. No mu burongozi bw’intwaro baravuga ngo bashenye ubuteketsi. Bashaka kuvuga ko babuhiritse, babutembagaje, babwatse igihagararo.

Uwo mutama yatanze n’umugani w’ikirundi ufatiye kw’ishenyo. « Ingumba itazi ikibi, irigata ishenyo ». Ingumba ni inka, ikuze, itakivyara. Iyo itakivyara rero nta kindi iba ishigaje atari kuyibaga ngo bayifungure. Asigura ko iyo irigase ishenyo isa n’iyiriko yihamagarira urupfu. Isano bifitaniye ni uko inka ifise amagufa akomeye. Mu kuyamanyagura bakoresha ishenyo kugira banyarutse kuko umupanga utobishobora. Kuyirigata ni nko kuyisotora, ku kutamenya ko ikoreshwa mu kuyizimanganiriza ubuzima.

Ishoka ikozwe mu buryo bubiri. Iyifise umushika usongoye bakwikira mu kirindi gifise umutwe nk’ubuhiri, gitoboye. Iyo ntoboro ni yo bashishamwo umushika. Iyo ni yo abarundi ba kera bakoresha. Iyo bakwikiza ikirindi kiringaniye hose yazananye n’umuzo w’abakoroni. Yari ikozwe mu buhinga buteye imbere hanyuma abarundi b’abacuzi barayigana.




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *