B-NP Magazine

Cotebu: abadandaza ivyamwa baridoga !

 Abadandariza ivyamwa kw’isoko ya cotebu bavuga ko gatatu mu ndwi bataronka ivyo barangura. Ngo biterwa n’uko hari abakongomani baba baje kubirangura amahera asumba ayabo, muri ico gihe, ababiranguza baca babibaha vyose.

” Imisi yose ku wa mbere,  ku wa kane no ku wa gatanu ntitwitegera turonka ivyamwa bikwiye turangura. Bene vyo baba babiranguje ku bakongomani bama baza kubirangura kuri iyo misi yose. Kuko baza bakeneye vyinshi, maze tugaca twisanga twabuze ivyo turangura natwe, tugaca twirirwa tudakoze “.

Uko ni ko Niyibizi Fidélité, umwe mu badandaza ivyamwa kuri iryo soko no hampande ya ryo yayagiye BNP Magazine. Yasiguye ko ivyo kenshi bituma babura ico bakora kuri iyo misi abo ba kongomani baba babitwaye vyose.

Ciza Jonathan nawe nyene adandaza ivyamwa kuri iyo soko, arasigura iyindi mpamvu ituma iyo abo banyamahanga baje bica bibagora. Yagize ati : “ Iyo bobo baje bazana amafaranga menshi kuturusha. Hari n’aho bazana amadorare. Bica bituma ivyamwa ngaha babirangura ku giciro gisumba kure n’iyo ayo twebwe twabirangurako. Igica gikurikira, ni uko abashoye ivyo vyamwa twebwe badasubira kubiduha, kuko baba babonye ababarangurira amahera meshi kuturuta.” Abo badandaza basaba ko ubuyobozi bw’iyo soko bwofata ico kibazo mu ntoke, kugira ntibabandanye kuhabonera.

BNP Magazine yagerageje kurondera ubuyobozi bw’iryo soko kugira ibubaze  ku bijanye n’ico kibazo, ariko ntivyashobotse.




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat