B-NP Magazine

Buyenzi: ubukene bw’ibitoro bwaragize ingaruka kw’isanurwa ry’amabarabara

Abajejwe ibikorwa vyo gusanura amabarabara ya 16, 19, 22 na 24 yo muri zone Buyenzi bavuga ko bitazoherera ku gihe cari gitegekanijwe. Imvo: ubukene bw’ibitoro. Ivyo bituma ibimashini n’imiduga bikoreshwa bidakora neza. Abanyagihugu baba kuri ayo mabarabara basigura ko ukudindira kw’ivyo bikorwa bibahomvya vyinshi.

“Mu bisanzwe, ibikorwa vyo gusanura aya mabarabara vyari bitegekanijwe gusozerwa mu mpera z’uku kwezi kwa Rusama. Ariko kubera ubukene bw’ibitoro, amamashini aca akora nabinabi, ibikorwa bica bicumbagira.” Uko ni ko Jérôme Simbare, ajejwe ibikorwa vyo gusanura amabarabara ya 19 na 22 asigura idindira ry’ibikorwa.

Ngo ubwo bukene bw’ibitoro nyene ni bwo butuma habura imodoka zizana ibikoresho bikenerwa mu kwubaka ayo mabarabara. Muri ico gihe, abakozi bajejwe kwubaka baca babura ico bakora, bakicara amasaha n’ayandi kubera babuze ibikoresho. Simbare yabandanije ati: “Ubwa mbere twakoresha amabeni 8 asomba amabuye n’umusenyi. Ariko ubu turonka nk’abiri gusa, ni yo aguma ku kivi. Biramaze ukwezi kurenga vyifashe gutyo”. Uwo ajejwe ibikorwa yemeza ko ivyo ari vyo vyatumye ibikorwa bidaterimbere.

Ivyo biri uko mu gihe bamwe mu banyagihugu baba kuri ayo mabarabara bidoga. Ngo abafise imiduga baba ng’aho, ntibikunda ko bayitahana kuva atanguye gusubirwamwo. Iyo bavuye ku mirimo, bayibitsa ku bagenzi babo baba ku mabarabara atariko arakorwa. Canke naho bagahitamwo kuyirihira abanyezamu bariha amahera maze bakayicunga. Minani Ramadhan aba kw’ibarabara rya 22 yiganiye BNP Magazine ati “Imodoka yanje ubu ndayibitsa ku mugenzi aba kury’17. Nca mva hariya n’amaguru. Ibi bikorwa hari hageze ko birangira, kuko ata kubesha biramaze amezi atari make biriko birakorwa.”

Ayo mabarabara yo muri zone ya Buyenzi ariko asubirwamwo n’ishirahamwe SOCOA (Société de Commerce et d’Affaires). Ku kirangamisi, ibikorwa vyatanguranye n’ukwezi kwa Nzero uwu mwaka, vyari bitegekanijwe guherana n’uku kwezi kwa Rusama. Naho bitagikunze, Jérôme Simbare arahumuriza. Yizeza ko ayo mabarabra azoba yaheze kwubakwa mu mpera z’ukwezi kwa Ruheshi.




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat