B-NP Magazine

Buyenzi, karitiye ikorerwamwo vyose

Gukora imiduga yapfuye, kugorora no gusiga imiduga yagize amasanganya, guhingura ivyuma vyo kwubaka n’ibikoresho bitandukanye vya nkenerwa, gusudira, … Ubuhinga n’utugenegene twose tubaho mu Burundi ubisanga mu Buyenzi. BNP Magazine yangedeye yongera iraganira na bamwe mu baharangurira imyuga mitomito.

Umwe muri bo yitwa Alexis Bizoza. Aturuka muri komine Giheta, mu ntara ya Gitega. Uwu musore yikora ku bwoko bw’amabati bugumye cane, agahingura ivyuma bija ku madirisha y’inzu bizwi nka HS. Ushitse aho akorera wakirwa n’induru z’inyundo. Aba ariko aragorora ivyuma.

Akuya kamurenze, yabwiye BNP Magazine ingene yatanguye. Yagize ati :

« Muri 2015 niga mu mwaka w’icenda. Ariko narakoze ca kibazo ca reta gitanga uburenganzira bwo kuja mu mwaka wa cumi na rimwe kirananira. Naciye mpeba ishure maze nca manuka i Bujumbura kwiga umwuga ».

 yongeyeko ati :

« Intango ntiyanyoroheye. Nagize imana kubera naciye ndonka abagenzi baranyigisha. Baranyeretse umwonga uhuma n’uwudahuma. Ubu vyifashe neza. Ndaronka amahera yo gufungura no kuriha inzu. Icuma gifise uburebure bw’imero 1 na santimetero 20, ndakigurisha ibihumbi indwi. Ndamaze no kugura agahene kampa intabizo. »

N’aho biri ukwo, Alexis Bizoza avuga ko haciye igihe amafaranga ataboneka neza. Yemeza ko abakiriya bagabanutse. Ibi, bishobora kuba bifitaniye isano n’ikiza ca korona. Ni co cahungabanije ubutunzi bw’isi kuva mu mwaka wa 2020. Uwo musore asaba Abarundi bakunda kuja kurangura ivyuma nk’ivyo ahingura mu mahanga kuja barashorera abarundi bene wabo.

Uwundi BNP Magazine yagendeye ni André Sindimwo, afise imyaka 63. Aturuka muri komine Gishubi, mu ntara ya Gitega. Ahingura ibintu bitandukanye harimwo ibikoresho bikoreshwa n’abadandaza mu gupima amavuta, ibikoreshwa mu kwina umwana, n’ibindi. Sindimwo avuga ko amaze imyaka myinshi akora uwu mwuga. Ati :

« Nawutanguye nkiri umusore none raba imyaka mfise ingene ingana. Ni wo untungiye umuryango. Abana narabasomesheje baraheza amashure ».

Sindimwo na Bizoza batera akamo abandi Barundi cane cane abakiri bato kwirinda kuyerera no kuja mu bintazi, maze bakijukira imyuga. Bishimikije imigani y’ikirundi « Uwutarima ntamira » canke « Urima itiro ukimbura ingonera », bibutsa ko kazoza kari mu kwitunganiriza imirimo, bagahanura ko ata wota umwanya.




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat