B-NP Magazine

Burundi : Ubuhinga butera bwiyongera

Amakaro (carreaux), ibikoresho vyo ku meza (couverts de table) birahingurirwa mu Burundi hakoreshejwe amabuye kama dusanga mu mihingo itandukanye y’igihugu. Sosiyete Tamac Company ni yo yatanguye ico gikorwa. Eddy Jeissi Dusabe ajejwe kumenyekanisha ivyahinguwe, avuga ko ibiciro biri hasi ufatiye ku biva hanze.

Amakaro, ni ibikoresho vyo gusasa hasi mu nzu, ndetse no ku bibambazi na cane cane mu bwiherero. Baranayatera ku bibambazi vyo hanze, inyubakwa ikarinda uruhuherezi, igakayangana kandi igakomera. Afise amabara n’uburinganire bitandukanye. Umwe wese ahitamwo iryo umutima umweretse. Sosiyete Tamac Company irakora n’ayo bita 3D. Ayo nayo ku wuyakeneye bayamushiriramwo ibishusho yipfuza, iyo abisavye.

Jeissi Dusabe avuga ko ibiciro vyabo biri hasi ku bice birenga 30% ufatiye kuyarangurwa hanze. Asigura ko amabuye bayakoramwo bayegerenya mu gihugu hagati ata makori avuna bibasaba ufatiye ku kuyagurira hanze.. Iyo sosiyete irakora n’ibikoresho vyo ku meza (couverts de table). Twovuga nk’ibikombe vyo kunyweramwo icayi (tasses et sous-tasses). Nk’uko bnp-magazine cavyiboneye, abantu baratangarira ubwo buhinga Bati:”Bwabundi twicaye ku gahiye”.

Urwo ruganda rurahuye n’intumbero y’umugambi wa Reta wo kuvyaza umusaruro ubutunzi kama bw’igihugu, mu kugwiza ivyo gushora hanze. Muri ico gihe amafaranga y’agaciro yokwiyongera. Si ivyo gusa. Abarundi bogurira hafi ku giciro kibayabaye vya nkenerwa vyahora biva hanze.

Mu gice ca gatatu c’umwaka w’2020, ibikoresho vyo mu nzu bimeneka (céramiques) vyaguzwe hanze y’igihugu, bifise agaciro k’amafaranga y’amarundi angana n’imiriyoni zirenga ibihumbi bitatu n’amajana atanu (3517, 8 millions BIF, mu gice ca kane na co imiriyoni zirenga ibihumbi bibiri n’amajana umunani (2809,1 millions BIF).




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat