B-NP Magazine

Burundi- Rwanda : Imigenderanire yoba igiye gusubira nka mbere?

 

 

Intumwa zidasanzwe z’Urwanda zirongowe n’umushikiranganji w’ico gihugu ajejwe kwivuna abansi ziri mu rugendo mu gihugu c’Uburundi. vyamenyeshejwe na Evelyne Butoyi, umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’ Uburundi, kuri uwu wa 15 ntwarante.

 Umuvugizi w’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko Général Major Albert Murasira n’abo bagendanye bakiriwe, kuri uwu wa kabiri, na Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu c’Uburundi, i Gitega ku murwa mukuru wa politike.

Mw’itangazo uwo muvugizi yahaye abamenyeshamakuru, umubonano ukirangira,  yasiguye ko izo ntumwa zari zizanye ubutumwa umukuru w’igihugu  c’Urwanda Paul Kagame arungikiye mugenziwe w’Uburundi. Evelyne Butoyi yavuze kandi ko izo ntumwa z’Urwanda zaganiriye n’umukuru w’igihugu c’Uburundi “ibijanye n’imigenderanire hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri”. Ati: « Murazi ko ivyo bihugu biriko birakora kugira imigenderanire isubire kugenda neza, ku neza y’abarundi hamwe n’abanyarwanda. Ku neza y’ibihugu vyose uko ari bibiri muri rusangi »

Kuva Evariste Ndayishimiye arahiriye kurongora Uburundi, haramaze guterwa intambwe zitari nke, kugira  imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda, isubire uko yamye imbere y’2015. Aha twovuga nk’inama yahuje abashikiranganji b’ubutungane b’ivyo bihugu vyompi, yabereye i Kigali ku wa 25 ruhuhuma 2022. Imbere y’aho gato, ku wa 10 Nzero uyu mwaka, Evariste Ndayishimiye yari yarungitse intumwa zidasanzwe i Kigali, zari zirongowe n’umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo akarere ka Afrika y’Ubuseruko, Ezechiel Nibigira. Aho hose hari mu ntumbero yo kunagura imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri bibanyi.

Haraheze kandi indwi irenga Urwanda rwuguruye imipaka yarwo yose, harimwo n’iyo ruhana n’Uburundi, uretse ko ku ruhande rw’Uburundi hatarafatwa ingingo yo kwugurura imipaka buhana n’Urwanda.

 

 




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat