B-NP Magazine

Burundi : Indwara y’ibitungwa itamenyerewe iraje ishinga aborozi

 

Haraheze iminsi hibonekeza, ku mbuga ngurukanabumenyi, amafoto y’inka zirwaye indwara itaramenyekane mu ntara zo mu buraruko bw’igihugu nka Kirundo na Ngozi. Kuri uwu wa 20 Rusama, Serges Nkurunziza, Umuyobozi mukuru w’ubworozi yamenyesheje ko abahinga bo mu bushikiranganji bamaze kumenya ubwoko bw’iyo ndwara. Arahumuriza aborozi.

 

Umuyobozi mukuru w’ubworozi amenyesha ko ku magenekerezo  ya 30 Ndamukiza na 9 Rusama 2022, abahinga bo muri ubwo bushikiranganji bishikiye ku rubuga gukora ibipimo vyo gusuzuma iyo ndwara. Bafatiye ku bimenyetso vyari bimaze iminsi vyibonekeza : Kuramburura, Umwuna, ubushuhe, kwuta ibintu bisa n’ibivanze amaraso, n’ibindi. Inka 4 mu zapimwe basanze zifise indwara yitwa « amakore ».

Nk’uko Nkurunziza abandanya abishikiriza, bihweje ukugene ivyo bitungwa vyaramburura ku bwinshi, vyaboneka ko bitava kuri iyo ndwara y’amakore gusa ! Niko gukora ibipimo vy’amaraso. Baciye basanga izo nka zifise n’indwara y’inyonko yo mu kiyaya ca Rift (Fièvre de la vallée du Rift). Inka zishika 100 ziramaze guhitanwa n’iyo ndwara. Ngo irafata n’ibindi bitugwa nk’impene n’intama. Kandi irandukira abantu. Turetse Kirundo na Ngozi, iramaze gushika no mu zindi ntara nka : Kayanza, Muyinga, Karusi, Cibitoki, Bujumbura na Makamba.

Kubera ivyo vyose, uwo muyobozi asaba ko mu turere iyo ndwara imaze kwibonekezamwo uruja n’uruza rw’ivyo bitungwa twavuze hejuru rwohagarikwa. Asaba kandi ko bohagarika no kubaga ivyo bitungwa (inka, impene n’intama), gushika hafashwe izindi ngingo. N’ubwo biri uko, Nkurunziza arahumuriza aborozi.” Ubushikiranganji buriko burakora ibishoboka vyose ngo butuze iyo ndwara vuba”.

 Twobamenyesha ko inyoko yo mu kiyaya ca Rift (Fièvre de la vallée du Rift) ari ubwa mbere ipimwa ikongera ikanemezwa mu Burundi.




Leave a Reply

Your email address will not be published.