B-NP Magazine

Burundi: akanyama k’inka, impene n’intama koba kagiye kwibagirwa?

 

 

Kw’ibagiro ry’ibitungwa ry’i Bujumbura (Abattoir de Bujumbura), hatanguye kwibonekeza inkurikizi z’indwara y’inyonko yo mu kiyaya ca Rift (Fièvre de la vallée du Rift), imaze imisi yibonekeza mu bitungwa bimwe bimwe nk’inka, impene n’intama. Ntibikiboneka nk’uko vyahora. Ababibaga baridoga.

 Ni isaha zine zo mu gitondo. Abamenyeshamakuru ba BNPMagazine barashitse ku macuniro. Nta ruja n’uruza rw’ibitungwa n’abantu nkuko vyahora ! Hasa n’ahagaragara ! Abayangayanga bajumarariwe ! Bavuga ko atakazi kakihari kubera amasoko ya ruguru, iyo ibitungwa babaga biva yahagaritswe.

Thérence Niyondiko ajejwe gusuzuma inyama zabazwe muri ico kigo ko zikomeye. Asigura ko habaye ihinduka ridasanzwe kuva aho ikiza ca (Fièvre de la vallée du Rift) gitereye. « Ku musi twahora tubaga inka 50 canke 60. Uyu musi habonetse 6 gusa ! Haciye indwi irenga bimeze uko ! N’impene n’intama ni uko nyene. Igitigiri kiguma kigabanuka. Ni vyabandanya uku, nta nyama zizosubira kuboneka mu masoko ! »

Ku bafise amakenga ko ibitungwa biriko birabagwa ubu vyoba bigwaye arabahumuriza. Ati : « bishitse ng’aha ku macuniro tubanza kubisuzuma neza kugira turabe ko bitanduye. Hama zibazwe, abadandaza bagaheza bakazitwara mu masoko canke muri boucherie ».

Jean-Claude Ntahongendera ni umuyangayanga. Abaga impene. Wewe asaba ko impene bozireka zikabagwa ngo kubera hataribonekeza izimaze gufatwa n’ico kiza. Aho nyene ku macuniro, umupfasoni twahasanze adandaza inka, asaba ubushikiranganji ko bworeka inka z’indundi zikabandanya zidandazwa. « irya ndwara yafashe inka z’inzungu. Indundi ntayo zirwaye. Bozireka zikabandaya zigurishwa »

Tubibutse ko umuyobozi mukuru w’ubworozi mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, Serges Nkurunziza yasavye ko mu burere iyo ndwara imaze kwibonekezamwo, bohagarika kubaga inka, impene n’intama.

 




Leave a Reply

Your email address will not be published.