B-NP Magazine

Burundi : Abakorerabushake basaba gushigikirwa

Kubura uko biyunguruza, gufatwa nabi ku kazi, kutaronka ico bipfuza, ni zimwe mu ntambamyi abakorerabushake bakunze guhura na zo. Bamwe mu baganiriye na BNP Magazine basaba kuronswa agashirukabute maze boroherwe mu kazi. Ni mu gihe amakungu yazinduye ahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abakorerabushake.

Ugutumatumanako amakuru, ubutungane, ubuvuzi, ubutunzi n’ibindi. Ni vyo benshi bize. Ariko kubera babuze akazi bamwe muri bo bahisemwo kwitanga. Basigura ko banse kwicarika impapuro z’imitsindo baronkeye mw’ishure. Aline Niyonkuru ni umwe twaganiriye amaze imyaka 5 mu bukorerabushake.

Mu mwaka w’2019 ni ho yatangura kuba umukorerabushake mu gisata co gutumatumanako amakuru. Wari umunezero kuri we. Ariko rero, amaze gutangura yasanze bitoroshe. Vyasaba ko yimenya ikintu cose. Haba kwiyunguruza, gufungura, kwigurira ikaramu,… Avuga ko bimutwara amahera atari make nawe ataho akura. Ikindi naco ni uko abakoresha biwe hari n’aho bariramwo mbege mu kumukoresha cane.

Jean Nahimana nawe ni umukorerabushake. Ntari kure ya mugenzi we. Yitanga mu buvuzi. Avuga ko vyari vyiza kwitangira abandi ariko usanga aho bakorera batabaha agaciro gakwiye. Amenyesha ko bishika bakamwinuba. Yagize ati: “ Haba abo dukorana canke abaje kwivuza bumvise ko turi abakorerabushake hari vyo batemera ko dukora”. Ivyo biraduca intege. Kuri we vyari bikwiriye ko bafatwa nk’abandi bakozi na cane cane ko bobo baba bakoresha inguvu n’uburyo bwabo.

Abo bakorerabushake uko ari babiri basaba ko boronswa bokwitabwaho bakongera bagashigikirwa kugira boroherwe mu kazi kabo. Basigura ko ubuzima buzimvye. Kuronka amahera yo kwiyunguruza canke ayo gufungura ku musi ku musi bitoroshe. Na ho biri uko bariteze kuzoronka akazi biciye mu kwitanga. Banahanura urwaruka rwoba rwicaye gukura amaboko mu mpuzu bakarondera aho rwitanga mu kurindira akazi. Nakare ngo: “Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze.”

Tubibutse ko igenekerezo rya 5 Kigarama ari umusi mpuzamakungu wahariwe abakorerabushake. Icivugo c’uyu mwaka ni : “Ubumwe buciye mu bukorerabushake”




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *