B-NP Magazine

Bujumbura : Ibiciro vy’amakara vyabaye ndase !

 

Ingaruka zivuye ku bukene bw’igitoro mu gisagara ca Bujumbura zibandanya  zibonekeza. Ibiciro vy’amakara vyaraduze incuro zirenga zibiri. Baba abayadandaza canke abayagura bose baridoga. Abanyagihugu b’amikoro make bobo bavuga ko basigaye  bafungura rimwe ku musi kubera batogura amakara kabiri.

 

Umufuko w’amakara mutoya wahora ugurwa mafaranga y’amarundi ibihumbi 28 ugeze ku 50. Munini wavuye ku bihumbi 50 uja hagati ya 65 na 70. Ivyo ngo vyatumwe n’ubukene bw’igitoro. Ubu abantu bamwe bamwe ntibagishoboye kuyagura.

Annonciate Hakizimana, aba ku musaga. Arubatse. Afise abana 4. Twamusanze ariko agura amakara. Avuga ko umuryango wiwe usigaye ufungura rimwe ku musi wahora ufungura kabiri. Asigura ko imbere y’uko ibiciro vy’amakara biduga yashobora gukoresha amakara y’amajana 5. Yarahisha ibiharage, umuceri n’ilengalenga. Ubu ayo ntagihisha n’umuceri wonyene. « Ubu nsigaye nkoresha ay’1000. Kugira mpishe nifashisha utwatsi kubera aba ari make». Uwo muvyeyi abona ko ibintu bibadanije biri uko bazohava bicwa n’inzara.

Twigiye imbere gato, twahuye na Liévin Habimana. Ni umukozi wo mu nzu. Wewe avuga ati ni akamaramaza ! « Ku musi nkoresha ay’2500 canke 3000. Ni mu gihe mu misi iheze nakoresha ay’1000 gusa. Ubu sindenza inkono3. Zirenze izo, amakara aca aba menshi. isosi canke igitoke narahevye.  Utetse ivyo vyose, usanga ukoresheje  amakara y’ibihumbi 5 canke 6 »

Abadandaza b’amakara bavuga ko iryo duga ry’ibiciro ata ruhara barifisemwo. Ngo nabo nyene babihomberamwo. Noël Cimpaye ni umwe muri bo. Adandaza amakara ku rya mbere muri karitiye Musaga. Asigura ko bayarangura azimvye, bigaca biba ngombwa ko baduza. « natwe biradukorako. Ubu abakiriya ntibagura. Kare isaha zitandatu zagera nadandaje imifuko ishika kuri 3. Ubu izo saha zigera n’igunira rimwe ritarahera ! »

Cimpaye avuga ko abahora bagura amakara ubu basigaye bagura incenga kubera ari zo zizimbutse. Na zo izo zigurwa n’abafise imbabura zikorwa n’ishirahamwe « KAGE ». Bashiramwo incenga bagaca bakoresha umuyagankuba.

 

Tubibutse ko kuva mu ntango z’ukwezi kwa kane ariho hatanguye kwibonekeza ubukene bw’igitoro mu gihugu cose.

 

 

 

 




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat