B-NP Magazine

Boba bagiye gushigikirwa na bo ?

Kuri uwu wa 27 rusama, ubushikiranganji bw’ubudandaji bufadikanije n’umuryango w’ibihugu vya Buraya mu Burundi bwatanguje umugambi wo gushigikira bamwe mu bakenyezi bikorera utwabo basanzwe bakorera mu bisata vy’uburimyi n’imyuga. Amashirahamwe “AVSI” na “Kaz’o’zah Keza” ni yo yatsindiye isoko ryo gushira mu ngiro uwo mugambi. Uzorangurirwa mu ntara 5 mu zigize Uburundi.

Izo ntara ni Bujumbura Mairie, Gitega, Bubanza, Kayanza na Ngozi. Umugambi uzomara imyaka ibiri. Bitegekanijwe ko uzotwara amafaranga y’amanyaburaya arenga gato umuriyoni. “Vyitezwe ko uwo mugambi uzoshigikira abakenyezi bikorera utwabo bashika 5000 muri rusangi. Abo nabo bagizwe n’abafise amashirahamwe y’uburimyi n’imyuga, hamwe n’abafise amashirahamwe ari ku kivi mu guhingura uwo mwimbu. Imvo nyamukuru ni uguhuza abo bakenyezi n’abashobora kubashorera umwimbu wabo”. Uko ni ko Ange Muyubira, arongoye ishirahamwe Kaz’o’zah Keza yasiguye.

Claude Bochu, aserukira ishirahamwe rya Buraya mu Burundi, yavuze ko umuryango aserukira wahisemwo gutanguza uwo mugambi kuko bigaragara ko abakenyezi bikorera utwabo ari inkingi z’ubutunzi bw’igihugu mu Burundi. Ngo uwo mugambi kandi bawiyumviriye mu ntumbero yo kugabanya ubusumbasumbane bufatiye ku butunzi bukunda kwibonekeza hagati y’abagabo n’abakenyezi. Ku bwiwe, nta terambere rishoboka, mu gihe umukenyezi yirengagijwe, na rirya ari bo benshi mu gihugu, kuko bangana n’ibice 51%, mu gihe abagabo ari 49 kw’ijana.

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi, ngo uwo mugambi uje hageze. Pascal Barutwanayo arongoye igisata c’imyuga mu bushikiranganji bw’ubudandaji yagize ati:” Uwu mugambi utangujwe uwu musi uhuye n’uwuri mu migambi Reta yishingiye (Plan National de Développement du Burundi 2018-2027) kuko ushimikira ku gushigikira abakenyezi mw’iterambere”. Yaciye aboneraho akaryo ko kumenyesha ko Reta yaserukiye yiteguriye kuzowufata mu mugongo uko bishoboka kwose.




Leave a Reply

Your email address will not be published.