B-NP Magazine

Biyemeje gutuza imirwi irwanira mu buseruko bwa Kongo

 

Inama y’abakuru b’ibihugu vy’akarere yabereye i Nairobi muri Kenya, kuri uwu wa kane, yashimikiye ahanini ku kibazo c’umutekano muke urangwa mu buseruko bwa repubulika iharanira demokarasi rusangi (RDC). None hapfunditswe iki neza na neza ?

Ica mbere, ni uko hotangura ubwo nyene imibonano hagati y’imirwi yitwaje ibigwanisho irwanira muri Kongo na Reta y’ico gihugu. Iyo mibonano izoba ihagarariwe n’umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, ikazobera i Nairobi. Kugira igende neza, Kenyatta, ari na we yatunganije iyi nama y’akarere, yiyemeje gutanga uburyo n’ibindi bizokenerwa vyose.

Ica kabiri, abakuru b’ibihugu bumvikanye ko hoshirwaho igisirikare c’akarere kizohangana n’iyo mirwi. Muri iyo ntumbero, bayisaba kuva muri Kongo maze igashigikira umugambi w’amahoro. Atari uko, izofatwa nk’imirwi y’inkorabara, nk’uko biri mw’itangazo basohoye. Igisirikare c’akarere ngo kizoca kiyirwanya civuye inyuma. Muri iryo tangazo bashimangira ko bibaye ngombwa ico gisirikare « coca kirungikwa aho muri Kongo vuba bwango ».

Atahutse avuye muri iyo nama kuri uwu wa kane, umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yateye akamo abarundi bose bari mu bikorwa bidatomoye mu buseruko bwa Kongo gutaha ata gisabwe. Ati : « bitagenze uko, ingingo zafashwe n’abakuru b’ibihugu vy’akarere zizobakorako ».

Tubibutse ko iyo nama yarimwo ibihugu bitanu vyo mu karere : Burundi, RDC, Rwanda, Kenya n’Ubuganda.




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat