B-NP Magazine

Biteguriye kugitora

 

 Imyiteguro y’ikibazo ca reta co mu mwaka w’icenda w’ishure nshingiro (concours national) igeze kure mu mashure amwe amwe yo muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura. BNP Magazine yagendeye Lycée du centre islamique, iri muri karitiye asiatique.

 

Hasigaye imisi itanu gusa kugira ico kibazo gikorwe. Ahenshi bariko bakora ibibazo vyo kwimenyereza. No kuri  Lycée du centre islamique ni uko nyene. Twasanze ivyirwa vyo mw’ishure basa n’ababihejeje. Babigejeje nko ku bice 95%. Ivyo ngo vyashobotse  kubera basigaye biga no mu misi y’akaruhuko nko ku wa gatandatu no ku w’Imana. Mu misi isanzwe, batariko bitegurira ico kibazo ntibahora biga mw’iyo minsi.  Ahlam Abdallah Nshimirimana, umunyeshure twahasanze, wo mu mwaka w’icenda avuga ko basigaje guheza ivyirwa bibiri gusa (chimie na Biologie).

Uwo munyeshure arashima ukungene kw’ishure iwabo babafasha mu myiteguro y’ico kibazo. « barafashe ingingo yo kwongereza amasaha twiga. Mbere n’imisi barayongereje. Vyaradufashije kwitegura. Turiteguye kuzogitora kanatsinda na bakuru bacu baciye ngaha baramenye ».

Mustafa Ramadan ni umuyobozi w’iryo shure. Avuga ko haheze imyaka itatu ishure ryiwe rimenyesha  ijana kw’ijana. Ivyo bimuha icizere ko n’uyu mwaka ariko bizogenda. Mbere yizeye ko bazorushirizaho kumenya kuko hageze uyu munsi abanyeshure basa nkabahejeje ivyirwa vyose.

Ico kibazo bitegekanijwe ko kizokorwa kuva kw’igenekerezo rya 31 Rusama gushika irya 2 Ruheshi 2022.




Leave a Reply

Your email address will not be published.