Ikinyamakuru c’abongereza BBC kiriko kirarondera umumenyeshamakuru akiri muto wo ku mugabane wa Afrika kizoha agashimwe kitiriwe Komla Dumor, ku ncuro y’umunani.
Nk’uko bitangazwa na BBC Gahuza, abamenyeshamakuru bo mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika bahamagariwe guhiganwa bakiranira aka gashimwe gafise intumbero yo « gushira ahabona no guteza imbere abafise impano bashasha bo kuri uwo mugabane ».
BBC Gahuza ibandanya ivuga ko uwuzogatsindira azomara ikiringo c’amezi atatu ku cicaro ca BBC i Londes. Azoba ariko arahabwa ubumenyi butandukanye.
Aka gashimwe kashinzwe mu ntumbero yo guha icubahiro Komla Dumour. Ni umumenyeshamakuru wo mu gihugu ca Ghana yafatwa nk’uwudasanzwe akaba yakorera BBC World News, yitavye Imana afise imyaka 41 muri 2014.