B-NP Magazine

Bavuga iki ku bijanye n’imodoka zipfira mu mabarabara?

Umushikiranganji w’umutekano aherutse gufata ingingo ko ata modokari yorenza amasaha atanu ihagaze mw’ibarabara aho yapfriye. BNP Magazine yaganiriye na bamwe mu bashoferi hamwe n’abashayura iyo miduga kugire yumve ico biyumvira kuri iyo ngingo.

“Hariho ibintu bimaze imyaka tubona muri iki gihugu cacu: umuntu imodoka iramupfana, agaca ahamagara umu mécanicien aho nyene mw’ikaburimbi, akirigwa arakorera imodoka aho nyene, umusi 1, imisi 2, imisi 3, amavuta amena muri ya kaburimbi, ariko yonona ikaburimbi yacu. Ivyo bintu bantu mujejwe uruja n’uruza mu mabarabara, sinsubire kubibona…” Vyashikirijwe na Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji w’intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere rusangi. Hari mu kiganiro yagiraniye n’abamenyeshamakuru ku mugoroba  wo kuri uwu wa 19 ndamukiza.

Abegwa n’iyo ngingo bayakiriye gute?

Jean claude Surwavuba ni umushoferi atwara “bus” ija mu gatumba. Yemeza ko yumvise kandi yatahuye iyo ngingo. Ariko ngo ntivyoroshe na rirya abafise mwene vya biduga bishayura izindi si atari benshi. Yagize ati: “ Mu vy’ukuri ivyuma ntibisezerana. Turakunda gupfisha imodoka kenshi, tugahamagara abafise ama “dépaneuses” tukababura. Mu bisanzwe ni  bake.” Uwo mushoferi asigura ko biteguriye gushira mu ngiro ivyo bategetswe. Ariko asaba ko bohabwa n’imiburibiri umusi wose, kugira iyo imodoka ibapfanye babe barose akanya ko guhiga abobafasha.  

Naho biri uko, muri Umoja Coop, ishirahamwe rifasha kwunguruza imiduga iba yagize amasanganya, ngo iyo ngingo ije hageze. Basigura ko amasaha 5 akwiye kugira imiduga yagize amasanganaya ibe yashitse aho ikorerwa.” Umuduga naho wopfira ruguru aho ari ho hose tuba twahashitse mu masaha atarenga 4 . Twizeye ko iyi ngingo itazogorana gushira mu ngiro.” Uko niko Jean Paul Niyongabo ajejwe ivyo gushayura imiduga muri Umoja Coop yayagiye BNP Magazine.

Mu Burundi, imiduga yo kwunguruza iyindi (dépaneuses) iri ku rushi. Benshi mu babikora bakoresha imiduga itabigenewe. Bamwe usanga bakoresha imiduga isanzwe ariko ifise imoteri zishobora gukwega izapfuye.




Leave a Reply

Your email address will not be published.