B-NP Magazine

Basabwa kurondera ibindi badandarizamwo

 

Abakoresha amacupa yakoze mu kuyashiramwo ibidandazwa nk’amavuta n’ibindi bategerezwa kwiga ukundi babikora. Kuva ku wa 26 ruhuhuma nta cupa na rimwe rimaze gukora rizosubira gushirwamwo amavuta. Vyashikirijwe na Séverin Sindayikengera arongoye ikigo kijejwe gusuzuma ubuziranenge (BBN). Hari kuri uwu wa 2 ruhuhuma.

 

Ayo macupa avurwa ni arya aba yarimwo amazi canke arya yavuyemwo inzoga nka Heineken. Asanzwe yagenewe gukora rimwe gusa. Ariko usanga abadandaza bayatoye bakayabuganizamwo amavuta. Aba, umuyobozi w’ikigo BBN abasaba kuba bararondera ibindi bintu bazohora bayashiramwo imbere y’uko igenekerezo rya 26 ruhuhuma rigera. Abaguzi na bo, Sindayikengera abasaba kumenyera kujana ikintu baguriramwo amavuta bagiye kw’isoko. Ni nka kurya ugiye gusuma utwara ico bagutekereramwo. Ngo boba baramenyera uwo mugirwa mu kurindira ko haboneka ibisubirira arya macupa.

Séverin Sindayikengera asigura ko iyo amavuta amaze indwi muri arya macupa aca yononekara kuko aba atogeje. Ku bw’uwo muyobozi ngo niho indwara za kanseri usanga zivuye. Kubera izi mvo, avuga ko abamaze imisi basaba uruhusha rwo kudandaza ivyo bahinguye bitekeye muri mwene ayo macupa, BBN yabimye uruhusha.

Tubibutse ko hari hatanzwe ikiringo c’amezi atandatu gusa kugira abadandariza muri bene ayo macupa babe babihagaritse. Ku rubuga nta kirahinduka.




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *