B-NP Magazine

Basaba gushigikirwa

Abakora umwuga wo gucura ku mutumba Makamba I, agacimbiri Butega mu ntara ya Makamba bavuga ko bafise ubuhinga, ariko ngo baracafise ingorane y’ibikoresho bigezweho.  Nta n’umuyagankuba bafise muri ako karere. Basaba kuwuronswa kugira bakore borohewe. Mbere banakore vyinshi gusumba.

Ni isaha indwi zuzuye. Turi ku gacimbiri Butega. Intara ya Makamba. Urwamo rw’inyundo ni rwinshi. Ni abacuzi bari ku mirimo yabo ya minsi yose. Mu kazu kubakishije ibihubahuba, bashika batanu. Umwe ariko avuguta umuvuba. Abandi bariko bahonda ivyuma vyamaze gushuha.

Ubaravye ku maso, biraboneka ko bataratera imbere. N’ubwo biri uko, barazi umwuga. Bakora ibikoresho bitandukanye: imbugita, imihoro, ishoka, amasuka n’ibindi. Babikora mu vyuma biva kumodoka zapfuye. Ngo baracafise ikibazo c’umuyagankuba. Akarere bakoreramwo ntawuhari.

Ciza Bosco ni umwe muri bo. Aratwiganira ibibazo bafise: “twebwe turazi gucura, kandi neza. Ingorane turacakoresha ubuhinga bwa kera. Dukoresha umuvuba. Nka hamwe tworonka umuyagankuba vyoca vyoroha. Ubu turakora, duhejeje tugaca tuja kurondera abadusudirira ivyuma bimwe bimwe, nk’ishoka. Imwe bayidusudirira ku mafaranga 200. Ibi twari dusanzwe tuzi kuvyikorera iyataba ico kibazo c’umuyagankuba”.

Bipfuza gutera iyindi ntambwe

Abo bacuzi baremeza ko uwo mwuga ubatunze. Mbere ubatungiye n’abana. Ariko ngo hari akagihaze. Ciza agira ati :

“Uwu mwuga twawurazwe na ba data. Uko bahora bawukora, twaragerageje kuwuteza imbere uko dushoboye. Ubu tubuze ishirahamwe ryodushigikira mu bijanye n’uburyo kugira ivyo dukora bigire inguvu gusumba. Nk’ubu ivyo twakoze tubishorera aha I Makamba gusa. Ivyo bitumwa n’uko tudafise ubushobozi bwo gucura vyinshi mu mwanya muto. Turonse abadushigikira, twoca tumenyekana. Maze tukaba ba bitumwako. No mu makungu twoshikayo”.

Gushika ubu, ngo ivyo bakora bibafasha kuronka agafu ko ku munsi gusa. Iyo vyagenze neza barashobora kuronka amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi 5 na 6 iyo bashoye. Bipfuza gushika aho bazohora bakora ivyo bagurisha mu masoko atandukanye yo mu gihugu. Mbere bakaronka n’ababakarihiriza ubumenyi, gutyo bagashobora gukora ivyo baja gushorera mu makungu. Bimwe bishika kw’isoko abantu bagatamarigwa.

Mu Burundi, iterambere ry’umwuga wo gucura bisa nk’aho rigoye gushikako. Kuva bwikukiye, uwo mwuga wagiye uzingamikwa n’umuzo w’ibikoresho vya kijambere biva mu mahanga: Imbugita, imipanga, ibiyiko, … Biri uko mu gihe ata na politike ihari igenga ico gisata.

Kuva ashitse ku butegetsi mu mwaka wa 2020, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ntahengeshanya guhamagarira abarundi kwijukira guhingura ivyiwabo gurtyo babishore mu mahanga maze baronke amafaranga y’agaciro. Aka kamo hamwe kokwitabwa ku rugero rushimishije, vyotuma mbere uburundi bushora mu mahanga ibidandazwa vyinshi bisumba ivyo bwinjiza. Iyo yoba ibaye intango y’iterambere rirama.




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *