B-NP Magazine

Barumvise akamo batewe!

 

Abahora badandariza mu mabararaba ari hagati mu gisagara ca Bujumbura barabihagaritse kuva mu gatondo ko kuri uwu wa 28 ntwarante. Babikoze mu ntumbero yo kwubahiriza akamo batewe n’umukuru w’igisagara. Basaba Mairie ya Bujumbura kubereka aho babandaniriza imirimo yabo.

 

Ibibanza bitandukanye biri ku mabarabara yo hagati mu Gisagara ca Bujumbura vyahora bidandarizwamwo ibintu bitandukanye ubu biragaragara. Ni inyuma y’aho umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana ahereye imisi ine abahora bahakorera ngo babe bakuye meza. Hari ku wa 24/3/2022 umusi iyo ngingo isohoka. Iyo misi ine yaheze kuri uwu w’Imana mw’ijoro. Kuva ejo ku musi wa mbere mu gitondo harera. Haba kuri Avenue du marché, ahahora hadandarizwa impuzu zitandukanye bita « igishweka », haba ku kabarabara gaca hampande y’isoko yahiye wahora usanga hamanitse amasakoshi, hose haragaragara. Nico kimwe no mu kibanza kiri inyuma y’ishengero ry’aba Orthodoxe, aho abakeneyezi  bahora badandariza ibifungurwa bitandukanye, harimwo ivyamwa, ibitoke,imyungu, eka n’ibindi.

Ariko rero naho biri uko, abahora bakorera muri ivyo bibanza ntiborohewe. Umwe muri bo yayaze na BNP Magazine kuri terefone ari muhira iwe yagize ati : « Ntiturabona iyo twerekeza neza. Ubu turi ku mihana yacu, turacarindiriye. Kiretse ama liste batuzaniye ngo twiyandikeko nta kindi turabona.” Uwo mudandaza asaba ko bokwerekwa vuba aho babandaniriza imirimo yabo, narirya wasanga abatari bake mu bakorera muri ivyo bibanza batunze imiryango yabo kubera uburyo bahakura. Uwo mudandaza kandi asigura ko we na bagenziwe batarose umwanya wo kwisuganya bihagije, kuko ngo imisi ine bahawe kugira bakure meza yari mikeyi.

 

BNP Magazine yagerageje kubaza  uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura bujejwe ibijanye n’amasoko iyo abo badandaza  bagiye kujanwa gukorera, ariko ntiyashoboye kubaronka.




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat