B-NP Magazine

Bariteguriye kwubahiriza ingingo naho bitoroshe!

Ku wa 24 ntwarante, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Jimmy Hatungimana, yategetse ko abadandaza bakorera mu mabarabara yaco bose bategerezwa kuba bahavuye mu misi itarenga ine. Bamwe muri abo badandaza bayaze na BNP Magazine bemeza ko biteguriye kuja mu bibanza bazokwerekwa.

 

Turi mu gisagara hagati, kw’ibarabara ryitiriwe Ubufaransa (avenue de la France). Kuri uwu wa gatanu, abadandaza berekewe n’ingingo y’umukuru w’igisagara, bazindukiye ku mirimo yabo nk’uko vyahora. Ubihweje mu maso, wabona ko batanezerewe nk’uko bahora. Badandaza, ariko batagononokewe. Basigura ko ingingo yo kubakura mw’ivyo bibanza yabatangaje cane! Ariko ngo bariteguye kwubahiriza ikiringo Reta yabahaye co kuva ngaho.

Aline Nshimirimana ni umwe mu bakenyezi twahasanze. Agira ati: « Naho tutari twiteze ko iyo ngingo yodufatiwe, twarayakiriye. Icaduhumurije ni uko baciye batumenyesha ko n’uwoba adafise aho adandariza hemewe bazomuhigira ikibanza mu masoko atandukanye, kandi umwe wese bakakimuhigira mw’isoko rimwegereye. » Uwo mukenyezi yemeza ko arinze aronka ikibanza mw’isoko runaka, kumenyera kuhakorera vyomworohera, kuko ngo n’ubundi asanzwe akunda kuja arimuka.

Ariko rero, naho hari abatahuye kandi bashoboye kwakira iyo ngingo, hari abo bitagenze uko. Hari abavuga ko ariho bari bazeye uburaro n’uburamuko, kuko ngo bari baramaze kuhashinga imizi. Ngo ubuzima bugiye kubahindukana bukwi na bukwi. Umukenyezi umwe muri bo yagize ati : « Simbona uko bigiye kugenda. Umugabo wanje yahora ari umumotari, kandi ubu bisa nk’aho akazi kiwe kahagaze. None raba nanje ndashikiriwe ! ». Yibaza uko bagiye kumenyera ubuzima bushasha.

Iyo ngingo ifashwe mu gihe hari hakunze kwibonekeza imishamirano hagati y’abo badandaza n’abajejwe umutekano




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat