B-NP Magazine

Bariteguriye kugira uruhara mw’ihayanisha-gurisha

Kuri uwu wa mbere, hatanguye indwi yahariwe amahinguriro mu Burundi. Ririko ribera mu gisagara ca Bujumbura. Yatunganijwe n’abakorera muri ico gisata mu ntumbero yo kwamamaza no kugurisha ivyo bahingura. Bitegekanijwe ko iryo hayanisha-gurisha rizohera ku musi w’Imana igenekerezo rya 26 ruheshi.

Impamvu nyamukuru yatumye tuza muri iri hayanisha-gurisha ni ukugira ngo twerekane aho tugejeje ubuhinga bwacu bwo guhingura ibinyobwa tubikuye mu bitoke. N’ikindi kandi, ni no mu ntumbero yo kwigira ku bandi, na cane cane ku bo tumaze kubona badusumvya ubuhinga muri uwo muce.” Uko ni ko Remy Bikorwa, ajejwe kugenzura ko ibinyobwa bisohoka bikwije ivya ngombwa mw’uruganda IMENA rukorera mu ntara ya Kayanza yayagiye BNP Magazine.

Abajijwe ikintu nyamukuru cokorwa kugira urwo ruganda yaserukiye rubandanye gutera imbere nk’umuzinga, yasiguye ko nko mu gihe boza bararonka umuyagankuba udacikagurika vyofasha. Ngo iryo cikagurika ni yo ntambamyi ya mbere ituma badatera imbere nk’uko bavyipfuza.

Mu bitavye ihayanisha-gurisha harimwo kandi n’amabanki atandukanye. Ibanki y’urwaruka (BIJE), naho gushika ubu igikorera gusa ku murwa mukuru wa politike i Gitega ntiyari yatanzwe. “Mu vyatumye tuza muri iri hayanisha-gurisha, ni uko bamwe mu rwaruka bataranyurwa neza n’ingene iyi banki ya bo ikora. Twiteguriye kubafasha uko bishoboka kwose muri iyi ndwi kugira ibibazo vyose bafise canke ayandi makuru yose bakeneye tuyabahe. Basabwa kutwegera gusa.” Uko ni ko Rutcher Ndayambaje, yaserukiye iyo banki yayagiye BNP Magazine. Yanaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko ubu bwa vuba iyo banki igiye kwugurura ishami rya yo ku murwa mukuru w’ubutunzi, I Bujumbura.




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat