B-NP Magazine

Barashima

 Ibikorwa vy’uburovyi mu kiyaga Tanganyika bigiye kwugarwa mu kiringo c’amezi atatu, kuva muri rusama gushika muri myandagaro uwu mwaka. Iyi ngingo yategekanijwe n’inzego zijejwe gukurikirana no gukingira Tanganyika zo mu bihugu bikora kuri ico kiyaga, ifise intumbero yo kuduza umwimbu w’amafi. Abarovyi bahurikiye muri « Coopérative des pêcheurs pour le développement du commerce du poisson Burundais » barayishima. BNP Magazine yaganiriye na Ibrahim Nzeyimana abaserukira.

Kuva mu kwezi kwa Rusama gushika mu kwa Myandagaro, ikiyaga Tanganyika kizoba cugaye. Nta n’umwe azoba arekuriwe kuroba muri ico kiringo cose, mu bihugu vyose bigikorako. Iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo kugerageza kuduza umwimbu w’ifi ziri muri ico kiyaga.

Abarovyi bo mu Burundi bizeye ko ibintu bizoca bigenda neza. Ibrahim Nzeyimana arongoye Copedecobu, yabwiye BNP Magazine ko ugereranije no mu myaka itanu iheze umwimbu w’ifi ziva muri Tanganyika wagabanutse hafi ibice 70 kw’ijana. Ni imwe mu mvo zatumye ifi n’indagara zizimba bimwe biteye akoba. Mbere ngo vyatumye baza barikora cane kw’ifi ziva hanze y’igihugu, nko muri Tanzaniya, mu Buganda n’ahandi.

Nzeyimana aremeza ko mu gihe ikiyaga kizoba cugaye bitazoba vyoroshe. Haba ku barovyi, abadandaza canke abazihereza. Ariko ngo iryo yugarwa rizotuma umwimbu wiyongera bimwe biboneka, maze haboneke n’izo gushora hanze. Yibukije ko ingingo yo kwugara ikiyaga yigeze gufatwa muri kahise, amezi atandatu. Ico igihe ngo harabonetse akarusho kadasanzwe. Yasiguye ko ifi zari nyinshi ku buryo zitembereza gushikana ku ngombe y’ico kiyaga. Ngo waranazibona uriko uratembera ku nkengera y’ico kiyaga.

Nk’uko vyamenyesheshwe n’urwego rukurikirana ivyo mu kiyaga Tanganyika mu Burundi (Autorité du lac Tanganyika), iyi ngingo izokwirikizwa mu bihugu bine : Uburundi, Republika iharanira Demokarasi ya Congo, Tanzaniya na Zambiya. Umunyamabanga nshingwabikorwa wo muri urwo rwego asigura ko ibinyabuzima vyo muri Tanganyika harimwo ifi vyagiye birahonywa n’ubworozi butemewe n’amategeko bwagiye buribonekeza mu gihugu. Rero ngo ubu ni co gihe co kubigarukira.




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *