B-NP Magazine

Bamwe mu baranguye vyinshi mu gihugu barahawe ijambo

 

Mu gihe Uburundi bwariko burahimbaza umusi wo gukunda no gukundisha igihugu kuri uwu wa 08 ruheshi, bamwe mu bari bitavye urwo rubanza barahawe akanya kugira bagire ico bashikirije.

 

Muri bo harimwo Domitien Ndayizeye yahoze arongoye Uburundi, Pierre Claver arongoye umurwi CVR, hamwe na Isabelle Ndahayo, yahoze ari Umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko. Bose uko ari batatu, basabwe kuyagira abari bitavye urwo rubanza ico bumva muri make ku bijanye n’ugukunda igihugu. Naho bari bahawe akanya gatogato kandi bakaba batari bateguye ivyo baza kuyaga, ivyiyumviro batanze vyarakoze ku mutima abari muri ico kibanza.

Hatanguye umupfasoni Isabelle Ndahayo. Yisunze amabanga amaze kuzezwa mu gihugu, yarashize ahabona ibintu 2 nyamukuru vyerekana ko umuntu akunda igihugu. Yagize ati: “Nta kintu cerekana ko umuntu akunda igihugu coza kiruta kuzigama ubumwe hagati y’abonse rimwe, basangiye igihugu. Kuko iyo igihugu kitagira ubumwe, hama kuryana. Ukwo na kwo ni kwo kuzingamika iterambere, bikazingamika n’igihugu.” Hampande yo kugiranira ubumwe, yasiguye ko gukunda ibikorwa ari co kindi cerekana ko umuntu akunda igihugu vy’ukuri. Umuntu agakora atiziganya, agatunganiriza bose iyo hari amabanga ajejwe.

Nayo ku bwa ambassaderi Pierre Claver Ndayicariye arongoye CVR, ngo icerekana ca mbere ko umuntu akunda igihugu ni ukuzigama amahoro. Biraheza bikanazana iterambere ku gihugu. Ati: “amagume twagiye turacamwo yaduhekuye incabwenge nyishi. Ni zo zari kuba zateje imbere igihugu kuruta uko kiri”. Yasiguye ko kwirinda gutoteza kiremwa muntu biri mu vyerekana ko umuntu vy’ukuri akunda igihugu na bene co.

Uwafashe ijambo ubwa nyuma muri izo nararibonye ni uwahoze ayoboye Uburundi, Domitien Ndayizeye. Yasiguye ko umuntu yerekana ko akunda igihugu iyo yemera kubana na bagenziwe mu butandukane bwabo. Ku bajejwe amabanga na bo, ngo bobikora mu gutwarira neza bose, bakirinda ka mpinga yanje.

Uyu mwaka, ibirori vy’uwo musi vyahimbajwe ku civugo “Tuzirikane igihugu cacu,tugire umuzirikanyi ubona tugendere mu makanda ya ba sokuru.” Vyari vyatewe iteka na Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu c’Uburundi.




Leave a Reply

Your email address will not be published.