B-NP Magazine

Bakora nka vya bikoresho biva mu Bushinwa canke Dubaï

BNP-Magazine yaragendeye rumwe mu nganda z’ababaji bakora ibintu biteye imbere. Ruri muri karitiye ya Jabe muri Komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura. Rurongoye na Emmanuel Manirakiza, Eric Bitariho, Alphonse Shimirimana. Uko ari 3 baravukana.

Ibitanda, imiryango (Porte Cathédrale), amadirisha, intebe, utubati, idari, …ni bimwe mu vya nkenerwa bakora mu buryo bugezweho. Bakoresha imbaho zikomeye rwose. Bimwe mu biti zivamwo, nk’umuvura, babikura muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo. Ibindi biti bikorako ni nk’umukaratusi, ipinusi, … Ivyo biti ngo biranonotse kandi biraramba. Bishobora kumara imyaka 50.

Manirakiza aremeza ko bafise ubumenyi bukwiye bwo gukora nka birya biva mu mahanga. Haba ivyo mu nzu, mu bubare, mu ma hoteri n’ibindi. Avuga kandi ko banyarutsa. Mu misi 7 gusa baba batunganirije umukiriya. Ni mu gihe iyo ubitumye hanze bifata amezi abiri canke arenga bitarashika.

N’aho biruko intambamyi ntizibura. Uwo mufundi avuga ko bakunze kubura ibiti bita umukaratusi. Usa n’uwuriko urahona. Ibiboneka cane ni ivya projet. Ivyo navyo ngo ntibiba bifise ubukomezi. Ngo bariko barabiringaniza bongera babisena (poncer) bica bihubana, bagaca bahomba. Asigura kandi ikibazo c’umuyagankuba ukunda gucika utuma batevya gutanga ama komande ku gihe.

Manirakiza asaba Abarundi gukunda ibintu bikorewe iwabo « Made in Burundi ». Abona ko umunyamwuga ateye imbere n’igihugu kiba giteyimbere. Ikindi asaba ni kwijukira gutera ibiti. Ku bwiwe, ni ryo tunga y’igihugu.

Batanguye gute ?

Uko ari batatu bavyigiye ku bavyeyi babo. Bakiri bato, bavuye kw’ishure bashikira gufasha se wabo. Baza bararaba uko akora. Uwo na we akabaha udukorwa tutavuna. Nko gukora udutebe duto bita agasongabugari. Buke Buke barabikunda baheza bisanga muri uwo mwuga.

Mu mwaka wa 2001, se wabo yahavuye yitaba Imana. Baciye batangura guca mu makanda yiwe. Iyuma y’imyaka 3 ni ho bugurura urwo ruganda. Barwitirira izina rya se ariryo « Roger » kugira bazokwame bamwibuka.




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *