B-NP Magazine

Bakora neza gusumba ababona !

 

Kw’ishure ry’uburaro « Lycée Kanura » riri muri komine Gihanga, intara ya Bubanza higa abanyeshure bagendana ubumuga bwo kutabona n’ababona. Iyo ngorane yo kutabona ntibabuza gukora neza mw’ishure. Mbere usanga banganya amanota na bagenzi babo babona, birashika bakanabarusha.

 

Ni isaha zine zo mu gitondo. Turi kw’ishure ry’uburaro « Lycée Kanura ». Akazuba ntigakaze. Abanyeshure bari mu karuhuko (récréation). Muri ico kigo, harimwo abiga barara n’abataha. Abarara bagiye kwihereza ubuyi. Abo nabo ni abagendana ubumuga bwo kutabona. Bobo basanzwe biga baba mu bigo vy’iryo shure. Bigana n’ababona. Aba barataha.

Ernest Nindagira arongoye iryo shure. Asigura ko kubona ababona n’abatabona bigira hamwe atakibazo biteye: « Nta ngorane bitera. Hariho mbere abatabona baba aba mbere misi yose, kandi bigana n’ababona. » Uwo muyobozi amenyesha ko kuri iryo shure biga nk’ivyo abandi bose mu gihugu biga. Aranishimira ko iryo shure ryama rimenyesha abanyeshure bose mu bibazo vya Reta. Ngo umunyeshure agendana ubumuga bwo kutabona aje kwiga kuri iryo shure ntacasabwa.

Bararusha bagenzi babo babona

Nsabimana Goreth ni umwe muri abo banyeshure bagendana ubumuga bwo kutabona. Yiga mu mwaka w’icumi na rimwe mu gisata c’indimi. Nk’uko umuyobozi w’iryo shure yabibwiye BNP_Magazine, kuva mu 2013 agitangura kuhiga mu mwaka wa mbere w’amashure y’intango uwo munyeshure yama aba uwa mbere. Nsabimana araryoherwa no kwigana n’abo bameze kumwe: “Maze gutangura ishure ngaha nkahasanga abandi tumeze kumwe, nararemye. Naciye niha umugambi wo gushira umutima ku vyirwa. Naho inyandiko za “braille” zigora mu ntango, twe na bagenzanje twarazimenyereye. Nama ndonka amanuta meza, nkasumvya mbere n’ababona.” Yipfuza kwikorera ivyiwe mu bijanye n’uburimyi  niyamara kurangiza ishure.

 Babanye neza na bagenzi babo babona

Emmanuel Sindayigaya yiga mu mwaka w’icumi na gatatu arashima aho yavuye n’aho ageze. Asigurira ko yavutse abona gushika agere mu mwaka wa gatandatu. Afitaniye imigenderanire myiza na bagenzi we babona bigana. Ati: « Tubanye neza cane. Turafashanya mu vyirwa, eka mbere no mu bindi bikorwa bimwe bimwe. Twaramaze kumenyera kubana nabo ku buryo vyotugora ari nka hamwe ishure risubiye kuba iry’abatabona gusa. »

Iryo shure ubu rifise abanyeshure hafi 60 batabona, hamwe n’135 babona. Ryatangujwe mu 1989 n’ishirahamwe” Association des Eglises Emmanuel au Burundi”. Ni ryo ryatanguye kwubakwa mu mashure y’abagendana ubumuga bwo kutabona yose ari mu Burundi.




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat