B-NP Magazine

Bagiye gusama akayaga

Impome z’ikibanza kidandarizwamwo ifi n’indagara zumye co mw’isoko ryo muri zone Ngangara « kuri cotebu » zaradugijwe. Barahejeje no gusakara igisenge. Ico gikorwa cakiriwe neza n’abahakorera. Igisenge c’inyubakwa z’aho cari cegereye hasi bigatuma ubushuhe buturuka ku zuba bubabangamira.

Umwe mu bapfasoni badandaza indagara atidondoye izina yashikirije ko indugumba yari nyinshi, bakabura uko bari bugire. Yavuze ko abagendana indwara z’umutima bo bagira ikibazo co kuhakorera kubera iyo mvo nyene.

Bemeza ko n’aho ico ciyumviro kije gitevye, bagiye kugira agahengwe. « Tugiye kuronka akayaga, duheme neza ». Aho ni bugingo n’ivyuma bitanga akayaga mu buhinga bwa none (ventilateur » vyari vyarapfuye. N’aho biri uko, babona ko amafaranga basabwa gutanga ajanye no gushigikira ico kibazo ari menshi. Umwe wese asabwa ibihumbi 170.

Hejuru y’ayo bakabandanya bariha ibihumbi cumi (10.000 Fbu) basanzwe bariha uko ukwezi guheze. Bibutsa ko bagifata ivyo bibanza bakoreramwo, umwe wese yariha ibihumbi 400.

Muri iki gihe ibikorwa bitarahera, abo badandaza bakorera inyuma y’isoko mu dututu bitunganirije. Barindiranye igishika gusubira mu bibanza vya bo muri iryo soko cane cane iki gihe imvura yatasuye.

Kuva isoko ryugururwa icese mu kwezi kwa Ruhuhuma 2015, abadandaza barikoreramwo bagiye bidoga ko ryasakariwe hafi cane. Ni vyo vyatuma ubushuhe batabukira.




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *