B-NP Magazine

Amata: kuki abaranguzi badugije ibiciro ?

 

Mu kiganiro yagiraniye n’abamenyeshamakuru, umushikiranganji w’umutekano asigura ko bitumvikana ukuntu abadandaza amata bayaduza igiciro ngo n’uko amakinga yahora ayazana atagishika mu bice bimwe vy’ igisagara ca Bujumbura. Abayadandaza bo basigura ko imiduga bikorako mu kuyapakiza ari yo ituma aduga.

 

« Amata ashoboye kuva i Buringa agashika mu Kamenge, Kinama canke mu Kanyosha arashobora no gushika hagati mu gisagara. » ni ko Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji ajejwe umutekano yabamenyesheje. Avuga ko abo ari abashaka kuburizamwo iryo tegeko. Uwo mutegetsi asigura ko amata ashoboye kuva i Buringa agashika mu ma karitiye ivyo vyuma bishikamwo, abayadandaza barashobora kurondera imiduga ihayakura ikayashikana mu gisagara hagati. Gutyo bose bagashikirwa. Kuri we ingingo ariho igifatwa ntishoka yorohera abantu ariko iba ishizweho ku neza ya bose.

BNP-Magazine yagendeye abaranguzi b’amata hamwe n’abayadandaza mu mazu bafatiramwo akavunamusase (cafétéria) mu ma karitiye atandukanye kuraba uko vyifashe. Bavuga ko bitoroshe. Amahera bakoresha mu kuzana amata yongerekanye gushika ku bice 30 %. Kubera aza mu miduga.

Joselyne Kanyange aranguza amata mu ma karitiye yo mu buraruko bw’igisagara. Avuga ko gukura amata i Buringa akayashikana mu bibanza vy’abakiriya biwe bimutwara amahera menshi. Ku musi arakoresha amahera ashika ku bihumbi 80 vy’amarundi. Kuko bimusaba kugura ibitoro. Aho ni mu gihe akiza n’amakinga yiwe ata mahera vyamutwara. Asigura ko bica biba ngombwa ko aduza igiciro.Abo baranguza amakamano bavuga ko kuva mu kwezi kwa kane iritiro ry’amata ryahora ku mafaranga 1500 rizogurwa 2000.

Etienne Ngendabanyika andandaza amata muri karitiye Muyaga asigura ko ubu bisigaye bimugora kuyaronka. Imvo n’uko abayazana n’imodoka bayazimbako. Iritiro yahora arangura ku mafaranga 1600 akagurisha 1900 ubu rigeze ku 2000. Ikindi naco nta bakiriya agifise. Asigura ko abenshi bahora bamushorera ari abashoferi b’izo ngendeshwa. Ubu baraduze.

 

Uko ari babiri, bose basaba reta gusubira kubiraba bagafata ingingo yoroheza bose kugira baronke ico bakuramwo.




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat