Ku munsi wa mbere ku musase, igipolisi carafashe urwaruka n’abakuze bari barundanye mu gisagara ca Bujumbura aho bita kuri Bata no mu micungararo yaho. Cabajanye mu bikorwa vyo kubaka ikibuga c’umupira w’amaguru Intwari. Babagiriza kurera amaboko mu kuja ku maligala. None ico gikorwa kirahagije?
Abantu bakunda guhurira kuri Bata no mu micungararo yaho bari imirwi myinshi : abaje gutegera incuti n’abagenzi bavuye mu ntara za ruguru kugira babashikane mu makaratiye, abakomisiyoneri, abadafise ubuzi, abasuma, abadandaza amaterefone atari mashasha, n’abandi. Usanga bihagarariye bayaga utuntu n’utundi. Abo bose bafatwa muri rusangi ko bari mw’iligala, ari imburakimazi. Inguvu bokoresheje mu bikorwa vy’iterambere zigapfa ubusa.
Muri bo hari abize amashure bafise n’impapuro z’umutsindo mu bisata bitandukanye. Bamwe baronkeye ubumenyi mu gisagara abandi bamanutse bava mu gihugu hagati kurondera akazi. Mbere hari n’abagendana impapuro zimwe zimwe kugira aho bumvise ahakenewe umuntu afise urupapuro rw’umutsindo ruhuye n’ivyo bize baca babanguka gutanga dossier mu maguru masha. Abo bose baba baje kurondera inyishu y’imyitwarariko yabo.
Kutagira akazi ku bahejeje amashure biri mu mirwi itandukanye. Ibisata bizemwo n’umurindi w’ababimara utandukanye cane n’igitigiri c’ibibanza biboneka bokoramwo. N’ibibonetse ugasanga bisaba uburambe mu kazi batigeze baronka amahirwe yo kwimenyerezamwo. Umuntu ntiyokwirengagiza na kamwana wa mama kavugwa cane cane mu bisata vy’abikorera utwabo.
Iyindi ngorane ni ko umuntu yize abona ko yokora ibijanye n’ivyo yakurikiranye aho kwimenyereza n’ibindi vyoshobora gutuma atera intambwe. Abamaze gutahura amazinguzingu y’ubuzima bitunganiriza intumbero bofata mu kwiyubakira imigambi. Ivyo navyo bisaba kubona kure, kwihangana, kumenya gutora ico wogerageza n’uburyo bukenewe. Aho ibintu bigeze ubu, iciyumviro nk’ico ukigira ukiri ku ntebe y’ishure.
Ubiravye rero, inyishu yoboneka mu gihe ubutegetsi bwoshiramwo inguvu. Icizere kirahari. Ishure ryo mu ntara ya Karusi ryigisha imyuga abakurikiranye ibisata bitandukanye riratanga umwizero. Ariko ingingo mperekeza zirakenewe ku bijanye n’aho bazokura ibikoresho vy’ibanze. Iyindi ntambamyi ni amategeko y’ingene ibanki y’urwaruka BIJE itanga amadeni. Amwe muri yo, ni guha ideni uwufiseyo ikonti n’urugero rw’amafaranga ayifisemwo. Ivyo bituma mushasha agira ingorane zo kuronka umutahe w’ibanze.
Uburundi buracakeneye kugwiza umwimbu kugira dushore hanze vyinshi kuruta uko tuvyinjiza. Reta rero ikwiye kugira inguvu mu kugwiza ibishoka hanze bihinguye. Muri ico gihe hokubakwa inganda (usine ou industrie de transformation) zihingura ubutunzi kama nyinshi. Akazi kotangwa ku bwinshi, amaligala akagabanuka. Umukuru w’igihugu akaba ariko arabikora mu guhamagara abanyamitahe bo mu bihugu vyo hanze gushinga imitahe mu Burundi.
Ahandi ho, gufata abantu ukabakoresha umwanya muto ngo ca mutaha, uba ubarungitse he? Bahindura ikibanza gusa ariko ntuba utoye inyishu. Kimwe gusa, baba bavuye mu kibanza abanyamahanga (harimwo n’abafasha Uburundi) bababona bitera iceyi abarundi ko ari inderamaboko bashaka gufashwa ataco bakora.
Twibutse ko mu nama umushikiranganji wa mbere Gerevasi Ndirakobuca yagirishije igenekerezo rya 26 Nzero 2023 yamenyesheje ko hagiye gutuzwa amaligala. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu iterambere rusangi n’umutekano, Maritino Ninteretse, yarabishimangiye mu rutonde rw’ingingo zigiye kwisungwa yasohowe igenekerezo rya 31 Nzero