B-NP Magazine

Akeza karigura!

Françoise Kanyange (Mama Queen) ni umukenyezi umwe mu badandariza ivyamwa imbere ya « Jardin Public », mu gisagara ca Bujumbura. BNP Magazine yamugendeye, maze ahora araganira ku bijanye n’umwuga wiwe be n’ukuntu umuha iteka mu kibano no mu rugo rwiwe.

Ni nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, mu gisagara ca Bujumbura. Turi imbere y’ikibanza kizwi co gufatiramwo akayaga no kwinonora  imitsi, citwa « Jardin Public ». Kiri hagati mu gisagara ca Bujumbura, muri zone Rohero. Ku bwinjiriro bw’ico kibanza, hari umugwi muto w’abadandaza bahadandariza ivyamwa bitandukanye. Birabereye ijisho. Abakiriya baguma bacanacanako bahagarika imiduga yabo babisuma, na rirya amasaha yo kuja mu karuhuko ageze. Naho ibiciro vy’ivyamwa vyo muri ico kibanza vyisununuye ugereranije n’ahandi, ntibahigimanga kubigura.

«Nakoze umwuga wo kudandaza ivyamwa kuva nkiri inkumi. Ubu ndubatse, kandi mfise n’abana 5. Uwu mwuga ni wo umfasha gusahiriza umunega wanje  mu bintu bitandakanye dukenera mu rugo”. Uko ni ko mama Queen, umwe muri abo badandaza yayagiye abamenyeshamakuru ba BNP Magazine.Yavuze ko amaze hafi imyaka 9 adandariza ivyamwa muri ico kibanza. Ngo ubu ariyumvamwo gose ako kazi. Yanaboneyeho akaryo ko gusaba abandi bakenyezi gushigikira abagabo babo mu gukora imirimo yobateza imbere, kuko burya ngo urugo ni babiri.

Kuki ivyamwa bidandarizwa kuri ico kibanza bizimvye ?

Yitwengera, Mama Queen yishuye ati: “Twihaye ihangiro ryo kudandaza ivyamwa vyiza kuruta ibindi ngaha. Abakiriya bacu ivyo barabizi. Mu bisanzwe akeza karigura. Abadushorera badusaba ko twopfuma tubazimba, ariko tukabaha ibintu vyiza. Uwo mukenyezi yasiguye ko iyo ari yo mpamvu ituma bisa n’ibizimvye rimwe na rimwe. Ikindi kandi, ngo kuba we hamwe na bagenziwe bita ku rutare mu kuja kurangura ivyo vyamwa vyiza vyiza iyo biri hose na vyo nyene biratuma igiciro kiduga. Yasiguye ko kenshi bimwe babikura mu ntara ya Cibitoke, Bubanza, hamwe n’ahandi. Hariho n’ivyo barangura mw’isoko ryo “kwa Siyoni”.

Ku bijanye n’uburenganzira bwo gukorera muri ico kibanza, ngo we hamwe na bagenziwe bariha amakori muri Mairie ya Bujumbura uko ukwezi kurangiye.

 




Leave a Reply

Your email address will not be published.