B-NP Magazine

Afise impano idasanzwe

Parfait Niyoyabishatse ni umuhinga wo gukora indome n’ibicapo mu mbaho. Akorera kw’isoko ya Jabe aho bita “ku mbaho”. Yandika amazina y’ikibanza runaka canke ibisharizo vyo mu nzu.

Yabwiye BNP Magazine ko yavyigiye ku mbuga ngurukabumenyi. Ariko ngo aracafise ibibazo kugira ashobore gukora ibintu vyiza kuruta. Akarorero, arakeneye imashini yo gukoresha. Ubu, asanzwe abikora n’amaboko yiwe kuva mu ntago gushika aheze.

Ngo yoronka ivyo bikoresho yokora ibintu vyiza gusumba kandi mu mwanya muto. Yoheza rero agahiganwa ku rwego mpuzamakungu.

Niyoyabishatse avuga ko uwo mwuga umutunze. Uramurihira inzu, rasiyo ukanamwambika. Ikindi naco, uramufasha gufasha bene wabo.”




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *