B-NP Magazine

Abigisha basaba ko agateka kabo ko kwubahirizwa gusumba

Uwa 5 gitugutu ni umusi mpunzamakungu wahariwe umwigisha. Nk’uko bamwe mu bigisha baganiriye na BNP Magazine babishikirije, mu Burundi ushitse hakiri agahaze mu buzima bw’umwigisha. Ngo hari vyinshi bigikenewe kugira umwigisha yumve ko ashigikiwe.

Jeanne Hakizimana ni umwigisha wo mumashure y’intango. Akorera muri komine Muha. Izina ryiwe twarihinduye.Amaze imyaka irenga 30 muri uwo mwuga. Avuga ko uwu musi ushitse umwarimu ata gateka afise mu gihugu. Atanga akarorero k’abigisha bo mu bindi bihugu bafashwe neza. Ati : « mu bindi bihugu umwigisha afise agashahara keza. Kandi baramuha icubahiro gikwiye ». Yemeza ko muri ivyo bihugu batahuye akamaro k’umwigisha n’uruhara afise mu kwubaka igihugu. « Tutahari nta bakuru b’ibihugu, nta bashikiranganji, nta baganga, nta bacamanza boboneka ».

Hakizimana avuga ko muri kahise hoho vyagendeka. Muti gute? Wumvise umwarimu cari ikintu gikomeye cane. N’abavyeyi bumvise umukwe w’umwigisha canke w’umusirikare baranezerwa. Ku bw’uwo murezi, ngo ivyo birerekana agaciro bahabwa mu kibano. Aratanga akarorero : baba bafise aho baba, agashahara kari kagikwiye kuko ibintu ntivyari bwazimbe. Uwu musi si ko bikiri. Ibintu vyarahindutse. Umwigisha nta jambo agifise haba mu kibano canke mu kazi. Avuga ko iyo umurezi adafashwe neza adaheza ngo atange ubumenyi nk’uko vyategereza. « Uvuye muhira ata rasiyo canke bagusohoye mu nzu. Wumva woshobora gutanga ubumenyi? ».

Naho biri uko, uwo mwigisha arashima intambwe bagezeko. Aripfuza ko mu myaka iri mbere umwigisha yoronka agateka kamubereye. Asaba ababijejwe ko bohagurukira ibibazo bihanze abigisha bakabitorera umuti kuko ni bo soko ry’iterambere mu gihugu.

Mu Burundi uwo musi uzohimbazwa ku wa 28 gitugutu ku civugo « impinduka mu vy’i ndero zihera ku mwigisha ».




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *