B-NP Magazine

Abigeme basabwa kwijukira kwiga ibisata vy’ubuhinga  muri kaminuza

 

Kuri uwu wa kane, ishirahamwe ry’abakenyezi bize ibijanye n’ubuhinga (OWSD-Burundi) bagize inama, kugira barabe aho umukenyezi w’umurundikazi agejeje ivyo kwiga ibijanye n’ubuhinga hamwe n’icokorwa. Ibitigiri biracari bike cane. Ubuyobozi bw’iyo kaminuza bumenyesha ko bwiteguriye kubandanya bufata ingingo zorohereza abigeme bipfuza kwiga muri ivyo bisata.

 Twiyumviriye gushinga ishirahamwe rihurikiyemwo abakenyezi bize ivyubuhinga mu mwaka w’2019. Vyari bivuye ku cirwa cakozwe, icasanze mu bigisha batanga ubumenyi muri ivyo bisata bangana ibice 13% gusa, mu gihe abanyeshure b’abigeme bari muri ivyo bisata bangana ibice 19%.” Vyamenyeshejwe na Menedore Karimumuryango, aserukira imbere y’amategeko “Organization for Women in Science for the Developing Countries” (OWSD-Burundi). Uwo mukenyezi yasiguye ko mu bisata vyigisha ivy’ubuhinga hakiriyo ibitigiri bike vy’abigeme. Arashima intambwe bagezeko mu guhimiriza abigeme kwiga ivyo bisata. Ngo ubu akarusho karibonekeza.

Karimumuryango asigura ko muri iryo shirahamwe ikintu ca mbere bigisha umwigeme ari ukwiyemera. Barabereka kandi uturorero tw’abakenyezi bamaze gutera imbere, kuko bize ivyo bisata. Ivyo biraheza bikereka nya bigeme ko ivyo bamwe muri bakuru babo bakoze na bo nyene bashobora kubikora. Iryo shirahamwe ribafasha no kungura ubumenyi. Karimumuryango ati: “Muri OWSD-Burundi, turafasha abigeme bavyipfuza kwuzuza impapuro zikenewe kugira baje kunonosora ivyirwa bijanye n’ubuhinga muri kaminuza zo hanze. Hariho nyishi muri zo dufashanya muri uwo muce ziri mu bihugu bitandukanye kw’isi”.

Valos Runyagu, icegera c’uwurongoye kaminuza y’Uburundi, yamenyesheje ko ico kigo kizokwama citeguye gutanga uturusho ku bigeme bose bashaka kwiga ibijanye n’ubuhinga. Yagarutse ku ngingo yafashwe mu mwaka w’2019, yatuma umukobwa wese aje muri ivyo bisata ashika aronka indaro mu buraro bwa kaminuza. Ni mu gihe abandi biga ibindi bisata babanza kurindira umwaka umwe canke urenga kugira baharonke uburaro.

Yasavye ishirahamwe OWSD-Burundi kubandanya guhimiriza urwaruka rw’abigeme rukiri mu mashure yisumbuye, gutsinda inzitizi zibabuza kwiga ibisata vy’ubuhinga. Izo nazo ni nk’imico itera umwana w’umukobwa kwikengera ko hari ivyo atoshobora. Ikindi ngo ni uguhimiriza abana b’abigeme kutubaka kare nkuko benshi babihurumbira, bagahimirizwa nyabuna kubanza kwiga bihagije imbere yo gufata iyo ngingo.

 




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat