B-NP Magazine

Abarundi ni bamenyere kwubahiriza inyubako rusangi!

Kwubaka hamwe no gusanura amabarabara makuru y’igihugu be n’izindi nyubakwa rusangi ni bimwe mu bintu nyamukuru ubushikiranganji bujejwe inyubako, ibikoresho vya Leta no kurwiza uburaro bwaranguye. Vyashikirijwe na Deogratias Nsanganiyumwami aburongoye, kuri uwu wa 28 mukakaro. Ni mu gihe bwari buramutse bushira ahabona ivyo bwashitseko muri uwu mwaka urangiye wa 2021 ushira uwa 2022. Yasavye abarundi bose kubibungabunga nk’ivyabo koko.

Amwe mu mabarabara mashasha ubwo bushikiranganji bwubatse harimwo iry’igihugu nomero 18 (RN18) rya Kibumbu-Gitega. Ripima ibirometero 24. Harabaye kandi kwagura no kwubaka ibarabara nomero 5 (RN5) riva kuri Chanic ryerekeza ku kibuga c’indege. Nsanganiyumwami yasiguye ko n’ibikorwa vyo kurishirako amatara biremvye.

Hampande y’ayo, hariho n’irya Bururi-Gakuba ripima ibirometero 34 rigeze ku bice 73% risigwa ikaburimbi. Nayo ibarabara nomero 3 (RN3)rya Gitaza-Rumonge ryo ngo rimaze gukorwa ku bice 18% gusa. Nsanganiyumwami yasiguye ko kiretse ayo mashasha yubatswe, hari n’ayandi menshi yasanuwe mu gihugu cose.

Mu bijanye n’inyubako rusangi, naho nyene hararanguwe ibitari bike. Kimwe muri ivyo cabaye kwubaka ca kigo co kwigisha imyuga hamwe no gukarihiriza ubwenge urwaruka mu ntumbero yo kurufasha kwitunganiriza imirimo yabo kiri muri komine Shombo , mu ntara ya Karusi.

Nsanganiyumwami yasiguye ko ibikorwa vyo kugitunganya bigeze ku bice 95 %, kandi ko kizotangurana gukora n’uwu mwaka w’ishure bukeye utangura. Ico kigo kizoba kigizwe n’ibirasi 22 harimwo 8 bigeretse kabiri hamwe na 14 bitageretswe. Bitegekanijwe ko ivyo birasi bikazokwakira abanyeshure 1080.

Umushikiranganji yasavye ashimitse abarundi bose kwubahiriza no gukoresha neza izo nyubako rusangi reta ibaronsa. Ahanini yagarutse ku mabarabara, kuko ngo “ari yo abangamirwa cane”. Yagabishije abubaka ama sitasiyo bagaca barekurira ibizi bibi mu mabarabara, abarimyi barima inkombe zayo bigatuma aca abomoka, abazibira imifurege iri ku mabarabara bahiga ibiraro ko bose bagiye gutangura guhanwa.

Ni ko bizogenda no kubayakoreramwo imiduga yapfuye bakayasesamwo imibire, hamwe n’abayimba kugira bayacishemwo intsinga be n’imiringoti bitandaukanye.

 

 

 

 




Leave a Reply

Your email address will not be published.